Amafaranga y'amarundi agera ku miriyaridi zibiri niyo akenewe kugira ikivuko (Port) ca #Bujumbura gikingirwe amazi y'ikiyaga #Tanganyika. Ivyo vyashikirijwe kuri uwu wa mbere n'abahinga, aho Umushikiranganji w'ubudandaji yagendera ico kivuko kugira yirabire aho amazi ya Tanganyika ageze aduga. Umushikiranganji Immaculée Ndabaneza akaba yasanze uruhome rwa Port ruri mu gusenyuka ku ruhande rw'ahegereye aho ikigo #OBR gikorera ibikorwa vy'imiduga, amazi nayo ya Tanganyika akaba aca mu kuzimu akinjira mu kivuko.
Ещё видео!