Abagabo bafise uruhara runini mu kurandurana n’imizi amabi akorerwa abakenyezi, kuko n’ingaruka z’ayo mabi ziheza zikabagarukako. Bisigurwa n’umuhinga mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Akaba abivuze mu gihe isi iri mw’isekeza ry’iminsi 16 yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Ku bwa Audace Havyarimana, urwo rugamba rukwiye kuba urwa bose na rirya abagabo ari bo batungwa agatoki muri ayo mabi. Hamwe abagabo bahagurukiye rimwe, ngo koba ari n’akaryo ko kwikurako n’ico ceyi.
Ещё видео!