Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu c'Uburundi yaraye aganutse avuye i #Abuja mu gihugu ca #Nigeria. akaba yari yitavye inama ya bose igira cumi y'ishirahamwe ry'abatambukanyi b'abakuru b'ibihugu riharanira amahoro, #MIPREDA.
Muri iyo nama Angeline #Ndayishimiye akaba ariwe yatowe ngo arongore iryo shirahamwe mu gihe yahora ari icegera c'uwahora arirongoye, Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu ca Nigéria.
Umviriza ivyo #Angeline Ndayishimiye yashikirije ashitse ku kibuga c'indege ca Bujumbura. Ireresi tukaba tuyikesha ibiro bijejwe amakuru mu biro vy'Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu.
#Shikiriza #TestifyToInspire #Burundi #MIPREDA #AFLPM #OPDD
Ещё видео!