R1.Ngumiriza yemwe niyereke,
Nshimir’Iman’ingabiye.
R2.Iragahor’irayagwa na bose.
1.Niyo intera iteka ntangere, reka nkenguruke +R2.
Niy’intumiriye kwama ndayiyagir’abandi +R2 +R1 +R2
2.Niy’inkunda cane urw’ata muntu n’umw’akunda+R2.
Niy’imar’inyota mfitiye, yo mizero yanje +R2 +R1 +R2
3.Niyo Mana yanje gusa mfise nama nkomer’ amashi+R2.
Niyo Mwami nkunda kandi niyo nkesh’amagara mfise+R2 +R1 +R2
4.Niy’ingejej’aha ngeze kandi n’ubu yama inzigamye +R2.
Niyo nama nkesh’uburaro hamwe n’uburamuko+R2 +R1 +R2
5.Niyo ncuti nkunda kandi niyo nyene mahoro mfise+R2.
Niyo bukiriro bwanje, yo buzima bwanje+R2 +R1 +R2
6.Nininahazwe, ishemezwe n’abo kw’isi yose+R2.
Nikomerw’iganza n’abato n’abakuz’imyaka yose+R2 +R1 +R2
Ещё видео!